JW subtitle extractor

Niwibuke urupfu rwa Yezu

Video Other languages Share text Share link Show times

Iyumvire kw’isi huzuye amahoro,
ata mibabaro,
imfungurwa ari rya nawe,
bose bafise amagara meza.
Kazoza keza nk’ako gashoboka gute?
Tubikesha ivyo Yezu yadukoreye.
Yaje kw’isi ari co kimuzanye.
Atanga ubuzima bwiwe ku bwacu.
Buca apfa, yadusavye kuza
turibuka urupfu rwiwe.
Yavuze ati:
Ku musi wo kwibuka urupfu rwiwe,
kw’isi yose abantu bazokoranira
hamwe kugira bamwibuke.
Ivyabona vya Yehova baragutumiye
mwe n’umuryango wawe
ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu.
Kuri iryo koraniro, uzotahura
igituma vyari bikenewe ko adupfira
n’ingene ivyo yasezeranye bikuraba.
Kugira umenye aho bizobera hakwegereye,
urakira ubutumire uzohabwa
n’Ivyabona vya Yehova
canke uronderere ayo makuru kuri jw.org.